Ngozi : Intahe y’ubuzima bubi abana bo mw’ibarabara babayemwo.

Igenekerezo rya 20 Munyonyo, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe abana. Aha mu Burundi, hari ibimenyetso vyinshi vyerekana ko abana batari bake babaye mu buzima bubi.Uri abana bo mw’ibarabara bibonekeza ku bwinshi mu bisagara bitari bike, n’ibindi. Mbega i Ngozi vyifashe gute ? Abana bo mw’ibarabara babayeho gute ? Kurikirana intahe.

Claude Niyongabo afise imyaka 12, avuka k’umutumba Rwizingwe muri komine Gashikanwa intara ya Ngozi. Ubuzima bwiwe imisi 7 ku ndwi yibera mw’ibarabara, hageze kuryama akaryama ku bikarato akipfuka umupfuko uvamwo ibintu (umugunira) akiryamira impande y’amazu y’idandarizo canke kuri station y’ibitoro mu gisagara ca Ngozi.

Mbega vyatumwe n’iki ngo abe muri ubwo buzima?

Tumubajije igituma yahisemwo ubwo buzima, yatwiganiye ko ubuzima abayemwo buteye agahinda ariko akabikora kubera atakundi yogira. Agira ati : »Mama yarapfuye hanyuma papa aca azana uwundi mugore.Uwo mukadata yadufata nabi ndetse akaduha utwo gufungura bigoranye. Hari nigihe twirirwa ubusa kandi ivyo gufungura bitabuze. Abakobwa bakuru banje 2 baciye bigira i Bujumbura kurondera akazi nanje nca niyizira i Ngozi.

None muri iryo barabara abaho gute?

Kugira Niyongabo aronke ico afungura, ngo ntivyoroha. Rimwe rimwe araronka canke akabura. “Kugira mfungure ndatwaza imizigo abantu baje gusuma mw’isoko hanyuma bakampa ayo bashatse. Harigihe ndonka nka 500 F nkaca nja kuri resitora bakampa birya abakiriya basigaje nkariha ayo majana atanu. Ariko rero harigihe ndonka amajana abiri gusa nkaca niririrwa igitumbura gusa. » 

Iyo bugorovye, ikijanye no kuryama ngo ntivyorohera abana baba mw’ibarabara i Ngozi. Hari n’igihe imvura igwa ikabanyagiriraho.  « Iyo tubonye bugorovye duca tuja impande y’ibutike canke kuri sitasiyo hanyuma tukaryama hasi kubikarato twipfutse amagunira ».

Iyo imvura iguye naho bari  iruhande yibutike ngo baca bavyuka bagasasura utwo baryamako, bakaguma impande y’umuryango w’inzu. Imbeho yoyongo basigaye  barayimenyereye. Hambavu yo kuba mu buzima bugoye ngo birashika bakanakubitwa cane cane n’abakora izamu babirukana babagiriza ko ari abasuma.  Uwo mwana ngo umugambi afise nuko amaze gukura azoca ataha yubake inzu hanyuma yiyumvire ikintu yokora comuteza imbere. Ariko arasaba ko abobishobora bobafasha bakabaronderera ico bakora cotuma bava muri ubwo buzima

(Visited 120 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *