Ni ibihe vyiyumviro bitarivyo abarundi biyumvira ku rurimi rwikirundi?

Mu gihe kuriuyu wa 21 Ruhuhuma hari haramutse hahimbazwa umunsi wahariwe  ururimi kavukire hagatanguzwa n’indwi yahariwe ikirundi, Umwigisha muri kaminuza Dénis Bukuru mu cigwa ciwe yarerekanye ko ikirundi  gikomeye mbere yerekana ivyiyimviro  bitandatu bitarivyo abarundi bibaza ku kirundi. Vyoba ari ibihe ?

  1. Abarundi bavuga ko ikirundi ari ururimi rukenye : Ngo bibaza ko rudashobora kuronka amajambo meza yokoreshwa mu butohoji no mu buhinga bwa none. Ico ciyumviro si co kuko hari amajambo menshi yazananye n’ubuhinga bwa none ariko ikirundi catoreye amajambo atomoye: Umuyagankuba, ibigendajuru, imitsinsanzamaras
  2. Bibaza ko ikirundi kitarenga imbibe z’Uburundi. Kuri iyo mvo ngo ntakamaro ko kugikoresha mu mashure mu kwigisha ivyigwa vyubumenyi n’ubuhinga. Avuga ko atari vyo nagatoya kuko ikirundi kirarenga imbibe z’igihugu kikaba cumvikana mu burundi citwa ikirundi, kikumvikana mu Rwanda citwa ikinyarwanda,muri kongo kirunvikana citwa ikirundi canke ikinyamulenge,muri Tanzaniya citwa igiha, igihangaza, mu buganda citwa igifumbira. No muri za Amerika, ubwongereza n’ahandi hose hari abarundi ndetse n’amaradiyo mpuzamakungu arasamirana murico nka BBC, VOA .Ukwiyumvira ko kutarenga imbibe arico cotuma kitigiswa ntagaciro bifise kuko ngo ibihugu vyose vyateye imbere vyigisha mu ndimi kavukire zavyo kandi bitabanje kurenga imbibe. Atanga akarorero ku bihugu vy’Ubuyapani, Koreya, Turikiya, Danemarike, Norveje, Ubutaliyano… Ngo iyo wigisha mundimi mvamahanga bituma abanyeshure biga ivyo batumva bagapfa gukwegerako.
  3. Bibaza ko ikirundi arico kuvuga gusa ariko tutogikoresha mu kwandika: Abarundi baragira inama, canke bategura urubanza bakazivuga mu kirundi ariko ugasanga icegeranyo kije mugifaransa. Iyo hageze kwandika amatangazo amenyekanisha  ibidandazwa menshi yandikwa  mu gifaransa kandi abo vyega ari abarundi, ngo vyari bikwiye guhinduka.
  4. Bibaza ko ikirundi kitokoreshwa mubutohoji : Bibibaza ko ibitabu vyanditswe bitoba birimwo ubuhinga n’ubwenge. Sivyo nagato kuko hariho ibitabo vyinshi bimaze kwandikwa  mu kirundi kuva kuri Ntahokaja, ibitabu vyo guheza amashure ya kaminuza bimaze kurenga ijana vyanditswe n’abanyeshure bahagarikiwe n’abarimu babinonosoye nawenyene arimwo.
  5. Bibaza ko kugira uvuge ikirundi ciza ngo ikirundi nticotira amajambo. Ngo sivyo kuko ntarurimi na rumwe ruteye imbere rutatiye ahandi : igifaransa catiye ikiratini,ikigreki, icongereza, y’ikidagi n’icarabu. Eka  n’icongereza kiratira mu gifaransa , mu  kigereki, ikidagi ; igiswahili naco nyene kiratira icarabu menshi kandi ngo ivyo nivyo bituma indimi zitera imbere. No mu kirundi turafise amajambo menshi twatiye kandi yamaze kuba ikirundi kuburyo atawoba acibaza ko atari ikirundi. Aha  avuga nkuturorero : Amahera yavuye mu kidagi, ishure , ikawa, icayi, igitabu, ikaramu,isaha, isahani,… yose yarabaye ikirundi kandi ntakituvamwo ayo menshi yavuye mu carabu aciye mu giswahiri. Isahati, uburengeti, imodoka, akabati,nayo yavuye mu congereza.  Ikirundi gitegerezwa gutira ariko ayo majambo gitiye kikayaha inyubako nk’ikirundi. Ikirundi kandi  ngo camye gitira izindi ndimi haraheze imyaka 400 aho bagerageza kwisunga imvugo ikoreshwa kuri ico kintu gishasha kije  maze bakagiha inyubako yikirundi. Akarorero : Itabi ryaje mu kinjana ca 14-15.
  6. Abatari bake bagiriza rwaruka ngo nirwo rwonona ururimi. Sivyo namba kuko ngo ururimi rwicwa n’abakuze, abari mu ntwaro barukoresha, mu manaa akomakomeye, abigisha mu madini, abamenyesha makuru barukoresha mu maradiyo , abarimu bigisha ,…urwaruka narwo rufatira ku burorero bahawe nababakurira.

Arangiza asaba ko afise uruhara mu gutwara ibisata bitandukanye bari bakwiye kwitaho gukoresha ikirundi neza mu bumenyi n’ubuhinga basanzwe bakoreramwo..

(Visited 95 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *