Ni kuki igitabu ca Christine Ntahe cahinduwe mu kirundi ?

Kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 23 Mukakaro 2019, niho hari haramutse herekanwa mu gisagara ca Bujumbura igitabu « Elles, un hommage aux oubliées » ari co ciswe « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » canditswe na Christine Ntahe. Ivyo birori vyabereye mu kigo c’abafaransa IFB catewe iteka n’ubuserukizi bw’ Ubumwe bwa buraya mu Burundi hamwe n’ubw’igihugu c’Ubuswisse ari nabo bafashije mu guhindura ico gitabu mu rurimi rw’ikirundi.

 Christine Ntahe yagize ati : « iki gitabu ni ica bose kuko kiraba amahoro no gusubiza hamwe nk’uko vyerekanywe n’abo bakenyezi bari mu bwoko bwose ». Christine Ntahe akaba yarashimiye amashirahamwe yitaho kumenyekanisha uruhara rw’abakenyezi nka Search For Common Gound yongera ashimira abamufashije bose kugira ashike kuri ico gikorwa. Akaba yasavye ko muri ikigihe Uburundi  bwimirije amatora abantu bose bohagararira amahoro.

Christine Ntahe, ariko arashikiriza ijambo kuri IFB

Ubumwe bwa buraya bwakiriye gute ico gitabu?

Wolfram Vetter aserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi yagize ati: « Intahe zegeranijwe na Christine Ntahe kuri aba bakenyezi ni ubutumwa bw’umwizero. Ego hariho abakenyezi b’intwari bagwanije  n’urukundo rwinshi n’ukubabariranira, umuzi w’urwanko n’ubutandukane. Nico gituma tutahengeshanije gushigikira ihindurwa ry’iki gitabu mu kirundi. Ndafise umwizero ko izi ntahe zizoshikira Umurundi wese aho ari » .

Wolfram Vetter aserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi

Uwo mutegetsi akaba yarashimiye kandi abafadikanije nabo muri ico gikorwa ari bo ikigo c’abafaransa IFB, Cooperation Swisse, ikinyamakuru Jimbere kubona barafashije cane mw’iyandikwa ry’ico gitabu ca Christine Ntahe « Abakenyezi b’intwari bibagiwe »

Abakenyezi b’intwari bipfuza iki ?

Uwaserukiye abo bakenyezi Maréchal Mariam Ndayisenga yagize ati : « Twarabiravye dusanga abakenyezi ni bo bashikirwa cane n’ingaruka mbi z’intambara. Kubona uyu mukenyezi Ntahe Christine yariyumviriye gushira ahabona ivyakozwe n’abakenyezi b’intwari ariko bakibagirwa, nashaka ndabasabe kudushigikira ».

Bamwe mu bakenyezi bavugwa muri ico gitabu

Mariam yaravuze kandi ivyipfuzo vy’abo. « Twipfuza y’uko aya mahoro twarondeye atogenda akagirire. Twipfuza ko ayo mahoro atsimbatara mu gihugu c’Uburundi ntihagire igisubira kuyatosekaza. Twipfuza ko abana bacu tubonsa amahoro, tukabigisha amahoro gutyo agatsimbatara hose tukaba mu gihugu kizira intambara. Twipfuza kandi ko mwodushigikira kuburyo ivyo twakoze twoja kuvyigisha no mu bindi bihugu  nabo bakamenya ingene abarundi n’abarundikazi twashoboye kugarukana amahoro no gusubiza hamwe kuko atari vyose vyoshobora kubishikako. »

Mariyamu akaba yarangije ashimira urwaruka rwiyumviriye kwibuka abagize ico bamara bakiriho aho kubibuka bashengeye nkuko abenshi babikora.

Igitabu gifasha mu kunywanisha abarundi

Uwurongoye umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR, Ndayicariye Pierre Claver nawe yari yaje gushigikira ivyo bikorwa, yaragize ico ashikirije. Yagize ati:  » Iki ni kimwe mu bikorwa vyo gushigikira kumenya ukuri no kunywanisha abarundi bidakozwe na CVR. Biduha icizere ko tuzoronka n’abandi barundi batubwira ivyo babonye tubikorereko maze natwe tuvyemeze. Kubona igihugu cacu kimeze uko kuri, ni uko hari abarundi bitanga kugira Uburundi bugume mu mahoro n’umutekano. Uburundi buzokwubakwa n’ishaka ry’abarundi benshi batandukanye. Dusaba ko abandi barundi bazi ukuri gutandukanye ko bobishira ahabona haba mu bitabu canke mu mareresi ».

Mwomenya kandi ko n’ireresi yerekana ibikorwa vy’ico gitabu iriko iratunganywa nayo ikazoja ahabona vuba.

(Visited 206 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *