Bamwe bati: Nta ntsinzi twari twiteze nk’ Uburundi kuri Nigeria, ahubwo turakomeye.

Abakinyi b'Uburundi batana mu mitwe n'aba Nigeria

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 ruhenshi, Intamba mu Rugamba zari zifise urubanza rudasanzwe aho zinjira icese mu kibuga c’inkino za CAN. Abakunzi bazo eka n’abarundi bose muri rusangi, bakaba bari barindiranye igishika urwo rukino. N’aho uwo murwi utatahukanye intsinzi, abatari bake baragize ico bavuga kuri urwo rukino.

Mu ntumbero yo kwitegirira neza iryo higanwa, abakinyi b’umurwi nserukiragihugu c’Uburundi batanguye kugirira imyiteguro mu gihugu ca Qatar. Mu rukino rwa mbere bakinye n’umurwi wa Algérie, bakaba batashe banganya igitsindo kimwe ku kindi. Ico gitsindo kikaba catsinzwe n’umukinyi Cédrick Amisi. Mu nyuma, batanye mu mitwe n’umugwi w’igihugu ca Tunisie maze ubatsinda igitsindo kimwe Ku busa.

Isango ryari ryitezwe ntiryatevye.

Bamwe mu bashigikira Intamba mu Rugamba sibo babonye umunsi wa gatandatu igenekerezo rya 22 ruheshi urageze. Bari biteze ko Intamba mu Rugamba ziza kwandikisha amateka atari bwakaboneke mu gutsinda Nigeria. Mwomenya ko Uburundi ari ryo rya mbere bwari buhonyoje ikirenge mu nkino z’ibihugu vya Afrika CAN. Aho ni mu gihe ku rundi ruhande, igihugu ca Nigéria coco kimaze gukina muri iryo higanwa incuro 17, congera gitwara igikombe incuro zibiri zose.

Urukino rurangiye abarundi bakiriye gute ivyavuyemwo?

Urukino rwatanguye neza na neza isaha imwe y’ijoro mu masaha yo ngaha iwacu. Babakunzi nabo aho bari ijisho ryari murye. Urukino ng’urwo ruratanguye maze Imana iranka gutwengera Uburundi, rurangira Nigeria itsinze Kimwe ku busa bw’Uburundi.

Bamwe mu bo twaganiriye bati : « Nta ntsinzi twari twiteze mu Ntamba kuko birazwi neza ko umugwi w’igihugu ca Nigéria, ari umugwi ukomeye kandi wama wagiye no mu gikombe c’isi. Ntibitangaje rero kubona dutsindwa, ahubwo baranagerageje cane.Uwundi yagize ati: “Na Brésil ari umugwi ukomeye kw’isi, waratsinzwe ibitsindo bigera ku ndwi vyose kuri kimwe itsinzwe n’Ubudagi mu gikombe c’isi co mu 2014. Aho hari muri kimwe cakabiri c’ihiganwa. Gutsindwa igitsindo kimwe n’umurwi nka Nigéria, biduha icizere mbere ko tuzovyitwaramwo neza  mu nkino zizoduhuza n’imigwi ya Madagascar  na Guinée. Igikuru n’uko bokongerako inguvu . »

Si abo bonyene bateye intege intamba mu rugamba. Bukeye igenekerezo rya 23, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ku rubuga rwiwe rwa Tweeter, yanditse ati:

 « Intamba mu Rugamba zaraye ziteye iteka Uburundi mu kwerekana ubuhinga budasanzwe mu rukino rwabahuje n’Igihugu ca Nigeria. Naho tutatahukanye intsinzi, nta nkeka imbere ni heza. Komera ku muheto! »

Abasomyi bacu Kuri Facebook baratereye

Bamwe mu bakurikirana urubuga rwa La Nova kuri Facebook, bihweje urukino rwahuje Uburundi na Nigeria ,nabonyene baragize ico bashikiriza. uwambere avuga ati:

« Mu vy’ukuri muri kano karere nta murwi uraboneka umeze nk’umurwi wacu kuko urakomeye cane. Ariko, umumenyereza aze yibuke kuza aragombora hakiri kare. »  Yongerako yibaza ikibazo ati:

« Gufata abakinyi nka Elvis Kamsoba na Mohamed ukabashira Ku ntebe yo kugombora bigenda gute? Agaca yinjiza Mohamed hasigaye iminota ibiri gusa! Fiston na Saido, kubera kwitanga, bahaswe guturikira mu kibuga. Iyo ashiramwo Amisi na Kamsoba hakiri kare , Saido na Fiston bari kuronka imipira imbere bagashobora gutsinda. »

Si uwo wenyene yatanze intererano. uwundi yongeyeko ati:

« Coach niwe yadutsindishije. Kuzibira mu minota 30 yambere ?Ntibibaho! Yaruhishije abakinyi. Aho wumva yari kuronka igitsindo gute? Umumenyereza nibamuhanure asatire kugira haboneke ibitsindo. Ikindi naco ku mpande hararwaye, Moussa Omar bamucako vyoroshe. »

(Visited 493 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *