ONU iri hehe? Daniel Gélase Ndabirabe aribaza

Ico kibazo  Daniel Gélase Ndabirabe, umukuru w’ Inama nshingamateka, acibaza afatiye ku bisigarira vy’abishwe mu 1972. Mu Rumonge, kuri uyu wa gatanu, umurwi CVR warekanye ibisigarira vy’abamaze gukurwa mu binogo batawemwo inyuma yo kwicwa bunyamaswa muri uwo mwaka.

Ku bw’umukuru w’inama nshingamateka, biratangaje kubona umurwi wa ONU uvuga ko uraba ivy’agateka ka zina muntu utarigera wandika kuri ubwo bwicanyi, ariko ukabandanya uvuga ngo agateka ka zina muntu karahohoterwa mu Burundi. Yongera ko ko abishwe zitari impene, ahubwo bari abantu. « Amazina y’abantu aboneka, ibibaranga biboneka, … ni ibimenyetso bitabesha ko Imana iriko iragaragaza amabi abishwe bakorewe. Naho abantu bonuma, ivyo bisigarira vy’abishwe bizovuga. »

« Abantu bakiriho sibo bazovuga ngo ntibigasubire. Ahubwo, aba bishwe, nibo bariko baravuga ayo majambo”, niko Ndabirabe avuga.

Umushingamateka Daniel Gélase Ndabirabe arongoye Inama nshingamateka asaba ko nyabuna amakungu yohaguruka, agashika mu Burundi kuraba ivyabaye. Bitabaye uko, yemere ko yananiwe, abarundi baze birabire bo nyene agateka ka zina muntu.

 Kw’izina ry’Uburundi, kw’izina ry’Inama nshingamateka arongoye kandi iserukira abenegihugu,  kw’izina ry’igihugu, Honorable Daniel Gélase NDABIRABE yarasavye ikigongwe abishwe. Mu Rumonge, ikinogo cateye ubwoba abatari bake, cari kiri mu bitaro bikuru vya Rumonge. Kikaba cakuwemwo ibisigarira vy’abantu bababa amajana atanu. Haratowe kandi ibibaranga (ikarata ndangamuntu, …)

Mu ndwi zitandatu umurwi umaze ukora ico gikorwa, Muri komine Rumonge na Komine Nyanzalac yo mu ntara ya Makamba bangana 1221. “Hampande y’ivyo bitigiri, hari ibinogo vyatwawe na Tanganyika. Hari kandi ama komine yo mu ntara ya Rumonge umurwi CVR utarakoreramwo. » Petero Claver Ndayicariye avuga ko igikorwa kitarahera, ko kigiye kubandanya.

(Visited 239 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *