Rumonge: Abigeme baho bavumbuye umwuga wobateza imbere

Mu gihe benshi mu rwaruka iyo bahejeje amashure baca baja kwicara mu miryango iwabo ku kubura akazi canke umutahe ngo biyungunganye, abigeme bamwe bamwe bo  mu gisagara ca Rumonge baratoye umwuga utabasaba umutahe munini ariko ukabinjiriza ibitari bike. Mwibaza ko woba ari uwahe ? kurikira.

Iradukunda Emelyne, ni umwigeme wo mu gisagara ca Rumonge , umutumba wa Mugomere akaba yahejeje amashure y’inderabigisha maze ahitamwo gukora umwuga wo gufuma amashuka kuko ata kandi kazi yabona kariho.

« Twebwe abigeme biratugora cane iyo duhejeje  amashure kuko ata myuga  myinshi dushobora gukora nk’abahungu. Iyo tutagiye kudandaza, dahitamwo kw’igumira i muhira tugafasha abavyeyi udukorwa tw’imuhira. Maze kubona ko ubushomeri bungeramiye, nahisemwo kwiga gufuma(kudesa) amashuka  kandi ku bwanje, mbona aho ungejeje atari habi».  Uko niko Iradukunda yatuyagiye .

 Arongera ati : « uwu mwuga nawutanguye neza na neza maze guheza amashure,nkaba maze gutera intambwe ikomeye kuko nshobora kwinjiza amafaranga arenga ibihumbi ijana na mirongo itanu(150.000FB) ku kwezi iyo vyagenze neza. Ishuka imwe ndayifumira hagati y’ibihumbi mirongo itatu na mirongo itanu, nkaba nshobora gufuma amashuka ari hagati y’atanu n’indwi ku kwezi bivanye n’uko umukiriye yipfuza ko ndamukorera. » 

Umwuga usaba umutahe muto

Urwaruka ruheza amashure rurakunda kugira ingorane yo gukora imigambi yo kwiteza imbere kubera ukubura uburyo. Umwuga wo gufuma wo ngo si uko biri kuko ishuka imwe ishobora kugurwa hagati y’ibihumbi indwi na cumi na bitanu, ibindi bikoresho nk’inyuzi n’inshinge bikaba bitarenza amafaranga y’amarundi ibihumbi bitanu nkuko bibandanya bivugwa na Emelyne Iradukunda.

Uretse Emelyne, uwo mwuga nyene uratunze abigeme batari bake nkuko navyiboneye. Nkwirikiyimana Marina w’imyaka 26 , nawe nyene akaba asanzwe aba ku mutumba wa Mugomere, mbere akaba asanzwe yiga mw’ishure kaminuza y’ubuhinga (ISET) yo mu  Rumonge , avuga ko uwo mwuga umufasha kuriha amahera y’ishure maze agafasha abavyeyi. We rero akaba avuga ko umutahe wiwe ari ubumenyi n’umwanya kuko afumira abamutumye kandi akaba aribo bizanira ivya nkenerwa.

N’aho biri uko, ingorane ntizibura

Abo bose bawukora muri ico gisagara, ntibarijukira gukorera hamwe mu mashirahamwe. Umwe wese akorera muhira iwe. Iyo akaba ari intambamyi Emelyne abona. “Iyaba twari dufise ishirahamwe tukagira n’ikibanza kizwi abantu badutorako vyoroshe vyobaye vyiza gusumba. Ico nsaba ni uko abajejwe intwaro canke abandi bose babishoboye bodushigikira mugushinga ishirahamwe mbere  tukaronka aho tuba turakorera kugira ngo natwe twiteze imbere ejo tuze duteze imbere n’igihugu.”

Uwo mwuga woba ukorwa gute?

Iradukunda aratwiganira uko bikorwa: Ugufuma amashuka ni ugushariza amashuka mu kugura igitambara kitagira ibara na rimwe, ukongera ukagura inyuzi z’amabara atandukanye, hanyuma ugaheza ukagicapako amashurwe n’ikaramu. Aho wacishije iyo karamu mu gucapa ayo mashurwe niho uheza ugacisha urushinge n’urunyuzi wipfuza gukoresha kugira iyo shuka iberwe. Ayo mashuka rero, ushobora kuyifuka canke bakayasasa ku gitanda. Si amashuka yo kwifuka canke gusasa ku gitanda bashobora gufuma gusa, barashobora no gufuma ibitambara vyo gusasa canke gushariza ku ma meza.

Baravye ingorane zugarije urwaruka, aba bahanura bagenzi babo kwijukira imyuga mito mito kuko ishobora gutuma bikenura muri vyinshi, ntibabe bakigora abavyeyi kuko ngo bukebuke ni rwo rugendo. Bongera ko bati “Utwo tugambi dutoduto nitwo tuzovamwo minini”.

(Visited 147 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *