Rumonge: Amabere canke ubwanwa bikuze ngo biri mu bituma baheba ishure.

Ibitigiri vy’abanyeshure baheba amashure biracari kurugero runini mu ntara zitandukanye. Muri Rumonge, ngo abagera ku 4205 nibo bahevye mu mwaka wa2017-2018 gusa. None nigiki gituma bayaheba? Umviriza ico urwaruka rwo mu Rumonge rwashikirije nkuko Bogora yavyiyumviye.

Igenekerezo rya Cenda Ruhuhuma 2019, ishirahamwe ry’abanditsi Yaga ryari ryishikiye ku murwa mukuru w’ intara ya Rumonge. Yari yakoranije aberwa n’ikibazo c’indero muri ako karere mu ntumbero y’ ugahanahana ivyiyumviro ku bituma abanyeshure baheba amashure kubwinshi muri bino bihe.

Urwaruka rubibona gute?

Urwaruka na cane cane Abanyeshure bovyega bari batumiwe. Kimwe mu vyobavuze bituma abanyeshure baheba ishure, ngo harimwo Ugukura mu myaka.Urwaruka rw’ abahungu ruti : « Haraho ubona ubwanwa bwabaye bwinshi », abigeme nabo bati « Erega amabere arakurenga, umubiri ukaguhindukana. Icogihe uribaza nimba wobandanya wigana n’abana usumba. Ivyo kandi bikunyurwa n’uko uba uriko urananirwa mw’ ishure.Uri umwigeme rero, haragera aho ubona ko ugumye mu mashure utazoronka umugabo, ugahitamwo kuyata ».  Abahungu basigura ko baheba kugirango barondere ubuzi hakirikare.Abigeme nabo ngo badakwakwanije, bohava babura abagabo, kuko imyaka iba iriko iragenda. Ivyo vyarashikirijwe n’abarenga babiri kumpande zose.

Intahe yashinzwe n’umukurambere

NGENZEBUHORO Matiyasi (yahinduwe izina) ni umwe mu barongoye komite y’ abavyeyi kw’ishure rimwe ryo ngaho muri komine Rumonge. Amaze kumva izo mvo abanyeshure bashikirije yavyamiriye kure.
Kubwiwe, imyaka ntaco ivuze mu gihe uba ufise intumbero yokugira aho ushika n’aho wokwigeza. Afise imyaka irenga mirongo itanu. Ng’ izi intaheyashinze:

« Natanguye amashure mato mato mu mwaka w’ 1976 ,hari umwigeme yiga mu mwaka wa gatandatu. Namusanze aho nyene muri uwo mwaka, nongera ndamusigayo. Yagiyegutora ikibazo co mu mwaka wa gatandatu gitanga uburenganzira bwokubandanya amashureyisumbuye nanje ngeze mu mwaka w’ icenda.
Uwo mwigeme yarananiwe cane gushika aho abarezi bamuhanura guhindura izina kuko ryaguma rigaruka kenshi mu bitabo vyo mu bushikiranganji bw’ indero. Erega yarabikoze, hanyuma aratora ikibazo, arabandanya amashure yisumbuye na Kaminuza. Yarakoze mw’itororokanirizo ry’ amakuru ABP, imbere y’ uko aja muyandi mashirahamwe.»

Yarongeye ati: « Erega hari n’Uwundi muhungu twiganye kuva mu mwaka wambere. Naramusize, ndarangiza ayisumbuye, ndarangiza na kaminuza. Narakoze n’akazi. Ku mwaka wagatatu, baca bandungika kwigisha mw’ iseminari ntoya ya Kanyosha. Erega wamugenzi nasanze ari mu bonigisha mu mwaka wacumi na kabiri .Yarabandanije, aranaheza kaminuza, ubu akora mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara. »

Ubwo burorero bubiri burerekana ko abo bantu babiri baribafise inyota nyinshi y’ ukwiga kandi batigeze bacika integer ngo ni uko bananiwe canke ko imyaka ibaye myinshi. Bararamirije gushika kugatsi ka nyuma.

Ku bwa Matiyasi, umwana ariko ariga, ategerezwa ubwiwe kwiha intumbero y’ iyo agomba gushika, cane cane ugutegura kazoza kiwe. »Abantu bize mu myaka iheze biraboneka ko baguma kw’ ihangiro ryabo.

Yohani Nduwumwami nawe yivugiye ko yategerezwa kugira ibirometero birenga mirongo ibiri agiye kwiga mu mashure matomato, aharero ngo yagenda atwaye n’ impamba mw’ ihuba, kugira ngo bizegukunda yivune umusase. Urugendo, inzara, izuba canke imvura ntivyigera bimuca intege, we nabo bari bafatanije inzira.

Nimba abo bararamirije izongorane zose bakazirengera, kubera iki bitokunda kubantu biga kumutumba baba basanzwe babako?
Urwaruka rwofatira kuri ubwo burorero kugira ngo rutegure kazoza karwo .Ntirworaba imyaka canke ngo rwiyumvire kwubaka canke kurondera amahera hataragera. Erega “Ibanga ribangirwa ingata”.

(Visited 35 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *