Rumonge: Ico Ababuze ababo mu bwicanyi bwa 1972 basaba

« Bariko bazura akaboze, bizocanishamwo abantu », ayo ni amwe mu majambo ashikirizwa canke akavugwa na bamwe mubariko barabona ibisigarira vy’abishwe mu mwaka wa 1972 bagatabwa mu binogo ikivunga. Ariko rero, ababuze ababo muri iyo myaka, barafise uko babibona. Baranafise ico basaba. Dushimikira ku bo mu Rumonge bavuganye na La Nova

1. Abacu ni bakurwe muri ivyo binogo, bahambanwe iteka

Abenshi mu babuze ababo bavuga ko bababajwe n’ukuntu ababo batawe mu binogo. « Jewe narashoboye guhunga, mpungira muri Tanzaniya. Umuryango wanje bawishe wose. Bawutaye mu kinogo kiri ku ruzi Cugaro. Iyo ndahashitse nama ndavyibuka bikambabaza », Ni ko umwe yigana.

Uwundi nawe ati : « Mu bo tuvukana bishe babiri. Umwe aryamye aha ku kibuga c’umupira ca Minago, uwundi nawe aryamye mu kinogo co kw’isoko ya Minago. » Bahambwe nk’imbwa.

Abo bose basaba ko ababo bokurwa muri ivyo binogo batawemwo, bagahambanwa iteka nk’abantu.

2. Guhabwa indishi y’akababaro

« Birababaje kubura utarwaje. Birababaje kubura utagaraguye kandi ntuhambe uwawe. Mu vyo umurwi CVR wodufasha, wokora uko ushoboye tukaronka indishi y’akababaro ku bacu bishwe. Ni vyo umuntu nta giciro afise. Ariko udufaranga boduha twodufasha kurira, kugandara tukanadufasha kuganduka kuko ico gihe babica carazira kuririra canke kugandarira abacu ».

Ico ciyumviro gihurizwako n’abantu batari bake mu baburiye ababo mu bwicanyi bwa 1972.

Ukuri ni kwo kuzobohora abarundi

Petero Claver Ndayicariye asigura ikinogo catowe kw’isoko ya Minago

Ku bwa Petero Claver Ndayicariye arongoye CVR, ngo  ntibikunda ko abantu barya, bakaryama bakiri hejuru y’ibinogo vyatawemwo abishwe bunyamaswa.  Abafise imyaka mike bariko babibona ubu, babona ibisigarira vy’abantu, amagufa n’ibindi bisigarira bibatera ubwoba. Ni ho baca babaza abavyeyi babo bati: Ivyo vyarabaye, vyabaye ryari, vyakozwe na nde, kuki mutabitubwiye?

Ku bw’uwo arongoye umurwi CVR, « Abavyeyi barakwiye kuvuga ivyabaye, babiyagire abana babo, bayage ukuri, bayage amahoro maze anasasagare mu gihugu cose. Abana nabo bazosanga abavyeyi babo barabigize uruhara muri ubwo bwicanyi, botekana kuko si bo babikoze. Ivyabaye vyobazwa ababikoze ubwabo »

Mu murwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi bamenyeshako amatohoza yimbitse akibandanya kugira ngo ubwicanyi bwabaye butorerwe izina ryabwo.

(Visited 68 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *