Rumonge: Isuku ryifashe gute ku mweha w’uburovyi?

Ku myeha y’uburovyi iri ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika hasanzwe hakorerwa ubuzi butandukanye, nacane cane ubujanye n’urudandazwa rw’ibifungurwa bibisi canke bihiye. Ariko isuku ry’aho usanga atari ikirenga nk’uko twavyiboneye.

Kimwe mu bibanza bisukwamwo imyanda ku nkengera y’ikiyaga.

Ntawutazi ko ikiyaga kidufitiye akamaro kanini.Kiretse ko kituronsa amafi y’ubwoko butandukanye kandi abenshi bakunda, nk’abanyarumonge aho uza wumva bukeye bavuga ngo tugiye kukiyaga gusuma akaboga. Aho rero baba bavuze indagara, imikeke canke ubundi bwoko bwazo.

Ku mweha wa Rumonge, mu gatondo abantu barindiye ko abarovyi bashika ngo basume akaboga

None aho hakorerwa ivyo bikorwa hameze gute?

Ku mweha w’uburovyi wa Rumonge, uhashitse usanga abantu bariko baradandaza imboga mbisi(amafi canke indagara) ku masahani ,abandi mu tudobo canke mu masandugu .Hagati aho ibiharangurirwa bihibereye ni indiri ,hari ubudandaji bw’ibindi bintu,uri abateka ibifungurwa,abakora icapati, ibitumbura, usanga ari benshi kandi nta buriro abenshi usanga bafise.Uwuguze infungurwa arira aho nyene,abantu bamuca iruhande barengana.

Ukubitije akajisho hirya no hino usanga imyanda irunze iruhande y’aho bariko baratekera imfugurwa canke bariko baradandariza. Ikitavuzwe co ni ukuronka utuzu twa surwumwe, uturondera wokwira imirambi n’iyindi.

Ingaruka zo ntizibuze.

Ku magara y’abantu: Ubiravye neza, ingaruka mbi zishobora gushikira abihereza ivyo bisumwa, canke ababa aho hantu ntizobura .Akenshi indwara ziterwa n’isuku rike zirakunda kwibonekeza aha twovuga nka choléra, amacinya n’izindi.

Ku bidukikije: Uwo mucafu ntugirira nabi abo bantu gusa, n’ikiyaga kirashikirwa kandi kidufitiye ubutunzi bwinshi. Ibirundo vy’amasashe, ibishambara, ivyatsi, ibisigarira vy’ibifungurwa, amato yaheze n’ibindi, iyo imvura iguye vyose biherera mu kiyaga kandi ariho hava ya mafi twihereza buri munsi.
Abasanzwe barangurira ibikorwa aho ku mweha twashoboye kuyaga, baremeza ko hariho abajejwe kugira isuku ,ariko imicafu bagaca bayigira ikirundo aho hafi nyene y’ikiyaga bakavuga ko bafise ubwoba bw’indwara zivyaduka zishobora kubashikira. Bagasaba ko abajejwe intwaro borondera ikibanza coshirwamwo umwavu kitegereye ikiyaga. Abahinga bavuga ko ifi abenshi bita imboga mu kugwira ngo zirondokera kunkengera z’ikiyaga.Aho naho hategerezwa kuba hameze neza kuko iyo imyanda ihuzuye, bituma zica zibura aho zivyarira gutyo Umwimbu w’amafi ugatera ugabanuka.

Ikiyaga gitegerezwa gukingirwa

Nk’uko Umuhanuzi mukuru wa Buramatari w’intara ya Rumonge Jean Marie Nduwimana yabishikirije mu kiganiro Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API cari catunganije igenekerezo rya 18 mukakaro 2019 kubarongoye Ama komite n’ama coopérative y’uburovyi Mu Burundi, Mu Gisagara ca Rumonge, ngo ntibitahuritse ingene ivyo bishika aho hantu,kandi hariho abajejwe ivyo isuku , abategetsi batandukanye babibona.Yamesheje ko ikiyaga gitunze abantu benshi. « ikiyaga ni ubutunzi ku banyarumonge no ku Gihugu”. Niko Nduwimana yavuze.

Manirambona Jean Marie ajejwe ibinyabuzima vyo mu mazi akaba akora mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, we akaba yahimirije ko ikiyaga ari ngombwa ko gikingirwa kugira haboneke umwimbu w’amafi ushimishije.

Mu kiyago catunganijwe na Yaga igenekerezo rya mbere ruheshi 2019 mu ntara ya Rumonge, uwujejwe isuku n’isukura mu ntara ya Rumonge yarashikirije nawe nyene amakenga ku bijanye n’amagara y’abantu afatiye ku myavu yegeranirizwa hirya no hino mu gisagara ca Rumonge. Agasaba ko hotunganywa ikibanza kigenewe kwakira imyavu n’imyanda.

Abantu bokwiruhutsa

Venant Birorimana yari yaserukiye musitanteri wa Komine Rumonge akaba yamenyeshejeko ikibazo bagiye kugitorera umuti ubwa vuba.
Akamenyeshako hari ikibanza kiriko kigiye kuzotegurwa aho bita ku kirometero ca kane, kw’ibarabara riduga muri komine Buyengero, imwe mu makomine agize intara ya Rumonge.

(Visited 125 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *