TIC1: Mu mashure nshingiro, abanyeshure ngo ntibabona iyo icigwa c’ubuhinga bwa none gita umutwe

Kuva umugambi mushasha wa shure nshingiro utanguye, indinganizo y’ivyigwa harongewemwo ivyigwa bishasha. Muri vyo harimwo icirwa Kijanye n’ubuhinga bwanone kitari kimenyerewe ahanini gihera mu gice ca kabiri c’inyuma ya shure nshingiro. Ingene gitangwa, ibikoresho vyategerezwa gukoreshwa, vyose biracari ikibazo. La Nova yaraganiriye Na *Masabo, umunyeshure  asanzwe yiga mu mwaka wanyuma w’inyuma ya shure nshingiro aratwiganira ingorane yabonye bagenziwe bagira  mugihe co kwiga ico cigwa.

La Nova: Nk’ umunyeshure abona akamaro k’icirwa c’ubuhinga bwa none nizihe ngorane mubona zibangamira abanyeshure mukwiga ivyo vyigwa?

Masabo : Ikibazo ca mbere  abanyeshure bagira ni ukudategurwa neza kuko  biragoye cane gutegera  ku mwana ataramenya akamaro  k’ico cigwa.  Jewe nagize Imana nari nsanzwe mfiseko ubumenyi  butari buke ariko kubabibonye ubwa mbere, bisaba yuko  batahura bakamenya akamaro kavyo. Ingorane yakabiri abanyeshure bahura nayo ni uko  batabona iyo bita umutwe. Ivyo bica bibonekera mu nyifato bagira mu mwanya wo kuciga aho benshi basamara cane ntibigere bakurikira umwigisha. Ikindi naco ni ukuntu batamenya agaciro k’ibikoresho kubabifise kuko batavyitaho ngo babibungabunge.

 Mbega ku ruhande rw’abigisha ho bimeze gute ?

Masabo :  Ku ruhande rw’abigisha, ku vyukuri abenshi ni hamwe atawuharira n’uwumutwara, abenshi  ba twigisha ntibaba bafise ubuhinga bukwiye bwo kwigisha kino cirwa. Uretse ababa basanzwe babikoreramwo, usanga bariko barakubwira ngo ufate ku mutwe utaronse  naho ivyo ufata ntakundi.

Mubijanye n’ibikoresho naho mwoducira ku mayannge ingene vyifashe gute?

Masabo : Ingorane y’ibikoresho iriho kandi bikomeye. Narageraje kuyaga n’abagenzi banje biga ku mashure yandi hoho nibaza ko bipfuma. Ariko nasanze hari amashure n’igitabu ca mwigisha cahakwa kutaboneka. Icanshikiye umusi umwe ndi kwishure, narabajije umwigisha nti: “None burya za nyabwonko zizoboneka ryari?” Yanyishuye ati: “Tube tubuze n’ibitabu vyo gukoresha uriko ubaza nyabwonko?” Naciye numva notekereza nkazorindira.

Kimwe nuko atabikoresho uhereye ku mashini nyabwonko, internet n’ibindi bijana n’ico cirwa bigoye gose gutahura ivyateguwe kwigishwa. Mpora mbona iyo avuze iki bakakigira kuno bidaheza ngo vyinjire namba udasubiriye kubibona ahandi.

Kubwawe vyari bikwiye kugenda gute?

Masabo: Uko vyari bikwiye kugenda ndabibona mu buryo butatu:

Mu nteguro: Birakenewe ko ubushikirangaji bujejwe indero mu mashure mato mato nay’isumbuye bufadikanije n’ubw’urwaruka n’ubuhinga bwa none buja hamwe bugatanga urutonde rujanye n’ibigezweho kandi bishobora gufasha umunyeshure kubandanirizako muri za kaminuza agize amahirwe akabandanya.

Mu bikoresho: Turaterera amatora yo mu 2020. Kuki tutorera mw’igurwa ry’imashine nyabwonko aho tubaye? Kandi nibaza ko atawoheza akidoga kuko hako umuvyeyi yidoga ko umwana adafise ibikoresho yohimbarwa ko basi harico yafashije kugira biboneke. Ariko kandi leta yari ikwiye kurondera hirya nohino abashobora gufasha muri kino gisata c’indero na cane cane mu bijanye na kino cirwa gisa nka gishasha.

Ahandi naho, nta muntu afise umwana yiga ashoboye kuronka uburyo bwo kugura nyabwonko atobikora. Bisaba ko twese dutahura ko ari ineza yacu. soma iyindi nkuru bijanye

(Visited 22 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *