Ububegito bw’abavyeyi bwadomweko urutoke mu kutubahiriza agateka k’abana

Mugihe Uburundi bwari buramutse buhimbaza umunsi wahariwe umwana w’umunyafrika kuri uyu wa 18 Ruheshi 2019 aho icivugo cari « Dushire imbere na ntaryo agateka k’abana mu gufasha abatishoboye na cane cane abashikiwe n’ivyago bitandukanye » Ishirahamwe rijejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu n’amabi akorerwa abakenyezi n’abana mu Burundi ONLCT où est ton frère Ryaboneyeho gushira  ahabona ivyo ribona vyohinduka kugira agateka k’umwana kubahirizwe.

Maitre Prime Mbarubukeye aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe avuga ko bashimishwa n’utwigoro Reta imaze gukora mu guteza imbere agateka k’umwana mu Burundi. Ariko naho biri uko  ariko ngo impinga ikaba ikiri ndende. Abona ko hari abana babayeho nabi bivuye ku bubegito bw’abavyeyi arivyo bituma abana baja kudandazwa hanze yigihugu.

 Ubwo bubegito ni ubu bukurikira: Kudakurikiranira hafi canke gufata minenerwe indero y’abana mu kuyizeza abakozi canke abayaya ; Gutata abana babona canke umwe yibungenze, Abavyeyi bata urugo ata mvo ; kwigira sindabibazwa mu kudatanga i vyo gufungura ; Kwihakana umwana ; Kurenga ibigo mugihe uwo bubakanye agiye kugarukana amahoro mu bindi bihugu ; Gukumira abana kubera bavutse bafise igitsina kobwa ; Canke bavutse bamugaye ; Guta abana mu kinywabi bakivuka n’ibindi. Ivyo ngo nivyo bituma baca baja mw’ibarabara canke bakaja mu rudandazwa rw’abana bivuye kukutamenya.

Muti none abahinga babivuga ko iki ?

Prime Mbarubukeye avuga ko abahinga mu bijanye no gukinga agateka k’umwana bavuga ko, iyo umwana abuze indero hagati y’imyaka 3 n’i 6 aba arikosa rikomeye cane kuko biheza bikanamukurikira gushika no mubigero bigatuma ata n’ico yimarira muri kazoza kuko intango yiwe iba ibaye mbi cane. Eka ngo birabandanya ku mukurikirana gushika no mu busaza bwiwe ari co gituma abavyeyi bakwiye kwitaho abana muri iyo myaka.

Reta y’Uburundi isabwa iki?

ONLCT où est ton frère rirasaba reta y’uburundi gushira mungiro izi ngingo zikurikira kugira agateka ka zina muntu n’akumwana muri rusangikubahirizwe.

1°. Kwemeza itegeko rikingira agateka k’umwana wenyene mu Burundi kuko ayandi mategeko asanzwe afise agahaze kuko atamwitaho bihagije.

2°. Gutahukana vuba abana b’abarundikazi bajanywe nk’inyagano kudandarizwa mu bihigu vy’abarabu nka : Omani, Arabie Saoudite, Qatar, Koweït, n’ahandi kuko ayo bagowe atari ayo kuvugwa. Reta yobatahukana nk’uko ibindi bihugu nka Ethiopie biriko birabikora  ku benegihugu bavyo bagorewe muri ivyo bihugu nyene.

3° Gukora ibishoboka vyose kugira ikemure ikibazo c’iyarara ryo ku Buterere mu kuryubakira uruzitiro canke mu kuryimurira ahandi kuko ribuza abana kwiga. Kubwiwe ngo risa n’iryacitse nk’isoko ryo gutoramwo ibidandazwa vyataye igihe canke vyaboze, akaba ari navyo bibeshejeho imiryango irenga 507 n’abana basegerereza barenga 1320 gutyo zone ya Buterere ikaba ariyo ikurwamwo abana bajanwa kudandazwa vyoroshe muri vya bihugu vyavuzwe.

4° Kwandika mu bitabu abana bose bo mu ntara za Rumonge na Makamba abenshi bavukiye mu bindi bihugu nka Congo, Tanzaniya n’ibindi ariko bakaba bavyawe na banyina  bahoze bitwa abapishi bo ku nkengera za Tanganyika canke abatagira base bazwi bo muri ico gice kugira ngo bikunde nabo baronswe uburenganzira butangwa nko kuvuzwa ku bantu, kwiga n’ibindi.

5° Gukurikiranira hafi ikibazo c’abanyeshure batwara inda z’indaro mu mashure na cane cane ikibazo c’abana 11 baherutse kwirukwa kw’ishure ryisumbuye ry’ubuhinga (Lycée Technique Nyamugerera ) hamwe na 5  bo muri Lycée communal Musigati bose bakaba ari abo muri komine Musigati intara ya bubanza birukanywe bazize yuko batwaye izo nda. Nti ryibagiye n’ikibazo c’abana bafatwa ku nguvu aho Ubu bashitse ku 396 kuva umwaka wa 2019 utanguye nkuko bigaragazwa n’imanza za bene ivyo vyaha zinjiye mu ma parike no muri sentare nkuru y’igihugu ya Bubanza. Eka ntiyibagiye n’ikibazo c’abana bafatwa kunguvu n’abatama b’imyaka nka 60 kumvo z’ibintazi muri iyo ntara nyene ya Bubanza.

(Visited 172 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *