Uburimyi: Igisata co kugwiza imbuto coba citaweho?

Kugira umwimbu wiyongere, hakenewe vyinshi. Muri vyo harimwo kuronka imbuto zirobanuye. Izo nazo bisaba ko abarimyi bamenya aho ziri kandi bakazironka kare. Ababagwizambuto babona ko ico gisata gikwiye kwitabwaho na Reta kugira bikunde bashike kw’ iterambere. Babishikirije mu nama yo kwihweza umugambi wo kugura imbuto habanje gutangwa ingwati  nivyo vyashikirijwe mu ruganda rwabahuje kuri uno wa 10 Munyonyo 2020 muri hoteli City Hill i Bujumbura.

Abarundi benshi ngo ntibazi imbuto nziza iyo ari yo. Bivugwa na Richard Hatungimana, arongoye COPROSEBU, urunani ruhuza abagwizambuto b’ i Burundi aho bahuriye ari abagwizambuto bava mu ntara za Muramvya, Bujumbura, Rumonge, Cibitoke na Bubanza. Agira ati: Hari abakibona ikiraya cose gifise umugera bagapfa gutera, igiharage cose babonye, ikigori cose gishobora kumera bagapfa gutera bizeye umwimbu mwiza « . Arabavunira akagohe ati «Iyo mbuto itewe idatomoye nimba ari ikigori ni kimwe kitazoheka canke kigaheka kamwe gusa kandi ataco kamaze.” Gutyo umwimbu ntube mwiza.

Ku bijanye n’imbuto zidandazwa mu masoko abo bazigwiza ngo barababazwa n’ ingene zidashemeye hakabura uwubikurikirana :  » uraja mw’ isoko ugasanga hagurishwa utubuto tutabereye, kandi abakuru babibona  ntibaheze ngo bafate ingingo zo kubirwanya , ico dusaba ni uko ibisata bijejwe uburimyi vyokurikirana ico kintu ndetse bigafasha kugira abagwizambuto bamenyekane bongere bahimirize abanyagihugu bamenyere gutera imbuto zirobanuye « .

Ku kibazo kijanye n’imbuto nk’ amateke ziriko zirazimangana, Hatungimana ngo mu kugitorera umuti bisaba gukora ubushakashatsi. Ubwo nabwo ngo bukorwa na Reta ibicishije mu kigo ISABU.

Abafundi b’indimo ngo bokwegera abarwizambuto

Kubwa Léopold Ndayizigiye, umugwizambuto wo muri komine Mpanda iri mu ntara ya Bubanza amenyesha ko igikorwa ciwe cogenda neza cane iyaba yunganirwa n’ abafundi b’ indimo: «Mu bisanzwe abafundi bajejwe gukurikirana abanyagihugu, ariko ntitubabona. Ico nobasaba Ni uko botwegera kugira barabe izo mbuto, babibwire abarimyi nabo boheza bakagira umwete wo kuza kuzisaba, kandi uburyo bwiza n’ ubwo kuzirondera hakiri kare

(Visited 65 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *