Ubutumwa bwa Laurette Tetero muri « Nyemerera »



 Ni indirimbo igira kabiri mu rukurikirane rw’indirimbo Laurette Tetero ariko arasohora.Kubera iki iri mu kirundi, ubutumwa agomba gutanga ni ubuhe muri yo ? Ahanini ubutumwa ni ubwo kwizera nk’uko uwo muririmvyikazi yabisiguriye ikinyamakuru La Nova, amasaha make gusa imbere y’uko iyi ndirimbo ishirwa ku mugaragaro.

 
« Nyemerera » ni indirimbo y’urukundo. Muri iyo ndirimbo igira kabiri, Terero Laurette amenyesha ko avugamwo umukobwa abwira umuhungu akunda ati nyemerera kugira ngo ndakwereke yuko barya uhurumbira, barya ukunda, batarigera baguha agaciro. Nyemerera ndabikwereke.
Indirimbo itanga ubutumwa bwo kwizera, bwo kugumana umutima wo kwama uvuga uti ndizeyeko ibintu bigiye kugenda neza.

         Nyemerera ni indirimbo yo mu kirundi. Ikurikiye iyo aheruka gushira ahabona yari mu rurimi rw’igifaransa. Laurette Tetero amenyeshako uretse kuba umurundikazi, ata kindi camutumye ashira iyo ndirimbo mu kirundi.
Ni ku gira ngo bose bahurire kuri iyo ndirimbo cane cane muri ubwo butumwa atanze.
         Ngo ntawokwemeza canke ahakane ko Laurette Tetero agiye kuzobandanya akora indirimbo mu rurimi rw’ikirundi. Asigurako ari umwana w’umurundikazi, aserukira uburundi. Bivanye n’ubutumwa agomvye gutanga ngo azosohora indirimbo mu kirundi canke mu zindi ndimi mvamakungu.

         « Nsaba abakunzi b’umuziki wanje kubandanya banshigikira, mubandanye mungirira confiance kurya mwama mubigira. No muri kino gikorwa c’uyu musi, mbere n’ibizokurikira, mubandanye munshigikira .»
Ubwo ni bwo butumwa Laurette Tetero aha abakunzi b’umuziki wiwe.

(Visited 310 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *