Ugufatwa ku nguvu vyoba bisigura iki?

Photo credit: Yaga

Turakunze kumva aho tubaye, canke mu mihingo itari mike y’igihugu havugwa abana canke abigeme bafashwe ku nguvu. Mu gihe dusanzwe tuzi ko hariho amashirahamwe, n’igipolisi bijejwe kugwanya ayo mabi, iyo nyifato igayitse iribonekeza cane no mu gisagara ca Rumonge.

Mu kiganiro Ishirahamwe Yaga ryari riramutse ritunganya, kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi 2019, mu gisagara ca Rumonge, kubijanye n’icokorwa kugira Ingeso yo gufatwa ku nguvu iranduranwe n’imizi, vyaribonekeje ko iyo ngeso ihari koko. Mu gipolisi c’inyamiramabi co mu Rumonge, commissaire Innocent Nahimana akirongoye, avuga ko abashika 76 aribo baje kubitura mu kiringo c’amezi 6 aheze bavuga ko bafashwe ku nguvu. Vyarongeye birashimangirwa n’abatumire batandukanye, baba abarongoye amashirahamwe atandukanye, abavyeyi, hamwe n’urwaruka, ko ingeso yo gufatwa ku nguvu itakiri agaseseshwa rumuri.

Ugufatwa ku nguvu vyoba bisigura iki?

Ugufatwa ku nguvu abantu ntibabitahura kumwe. Hari abemeza ko ugufatwa ku nguvu ari ico kintu cose umuntu agukoreye, canke agutwayemwo utabishaka, canke akanagukubagura, mu guhohotera ubuzima bwawe. Ariko Muganga Nkurunziza, we yemeza ko ugufatwa ku nguvu ari harya umuntu yakoze amabanga mpuzabitsina, akayakora atabishaka aremerewe n’uwo babikoranye. Ugufatwa Ku nguvu rero ngo biri ubwonko 3: hari ugufatwa Ku nguvu bakoresheje inguvu, bakoresheje ubwenge canke bakoresheje iterabwoba nk’uko bibandanya vyemezwa na Innocent Nahimana arongoye igipolisi c’inyamiramabi mu Rumonge.

Amategeko avuga iki?

Iyo hagize umuntu yagirizwa itonga ryo gufata uwundi ku nguvu, ahanwa bivanye n’uburyo yakozemwo ico caha . Nko mu gihe ico caha cakozwe n’umwigisha, agafatwa Ku mwana yigisha , amategeko avuga ko ahanishwa umunyororo wo guherayo .Vyongeye, umwana atarenza imyaka 15 ngo nta gihano kimuhana kiriho , nk’uko bibandanya bivurwa   na commissaire arongoye igipolisi c’inyamiramabi Mu Rumonge Innocent Nahimana.

Ni igiki gituma ubwo bubisha buguma bwiganza mu Rumonge.

Abari bitavye ico kiganiro  bemeje ko, abashikirwa n’izo ngorane, abenshi muri bo badashima kubivuga, ku gutinya ko bohava bashangara mu kibano. Iyindi ntambamyi, ihari ngo n’ingeso yo kurya ibiturire, aho uwakoze ico caha ashobora gupfumbatisha ababa bajejwe gutunganiriza uwo yafashwe Ku nguvu. Gutyo n’uwugiye kwitura ubutungane ntabe akironka urubanza.

 Icokorwa kugira iyo nyifato igayitse iranduranwe n’imizi.

Uwaserukiye intwaro muri Komine Venant Birorimana, akaba yahanuye urwaruka na cane cane abakobwa ko batoja barishora ku bahungu bayaga ibitagirakamaro kuko ari naho hava ayo mabi.Ngo uwo bishikiye nawe yogerageza kubivuga canke agatabarizwa hakiri kare.

Barangije bavuga ko abavyeyi bogwiza impanuro kubana. Reta nayo ngo yogerageza guhimiriza abenegihugu kugira bashobore kwitwara neza ibicishije ku maradio, mu nzego, mu mashure n’ahandi kugira iyo ngeso ishobore kuranduranwa n’imizi. Ngo uwuzoramuka afashwe nawe azohanwe hisunzwe amategeko.

(Visited 247 times, 1 visits today)

1 thought on “Ugufatwa ku nguvu vyoba bisigura iki?

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *