Ukwinonora imitsi bifise akamaro akahe?

Ukwinonora imitsi bamwe babifata nk’ uko ari ivy’ abakiri bato, abandi bakibaza ko bikorwa n’ abasirimu. Ariko ni ngombwa ku magara meza y’ uwari we wese. Alexis Sibomana azwi cane kw’ izina rya coca, twamusanze i Kiriri aho akunda kwinonorera imitsi aratuyagira akamaro kavyo.

Mu minsi iheza indwi, abantu batari bake bo mu gisagara ca Bujumbura bazinduka bihereza amabarabara bakagira ikarashishi. Uri abaduga i Kiriri, abafata irya Bugarama, abafata irya Rumonge, irya Gatumba, ku musenyi w’ikiyaga Tanganyika n’ahandi.  Alexis Sibomana azwi canekw’izina rya Koca akunda gukorera ikarashishi i Kiriri. Arafasha cane n’abandi. Ku muzingi arakoresha abakiri bato, imisore, inkumi ndetse n’ abubatse.

Ingene yabitanguye

Azwi kw’ izina rya Koca ariko amazina y’ ukuri ni Alexis Sibomana. Uyo muhumure w’ imyaka 52 avuga ko yatanguriye mu mikino itandukanye ariko ubu akora imyimenyerezo isanzwe ari nayo afashamwo ababikeneye :

 » Kare nari umunonotsi ( athlète) ,  narakinye  Karaté  mu nyuma dayireka  nkina football . Mu 1996 niho natanguye gukora ikarashishi isanzwe. Ariko ako gatima ko gukunda sport nagakuye muri ivyo vyose ».

Arongera ko kandi ivyo akorana n’ abaje muri siporo abafasha nk’ umukorerabushake ariko gusa ngo hari abamushimira ariko ngo nta kiguzi kirimwo bamuha ikivuye ku mutima.

Umunonotsi ngo ntagira umutima mubi.

Kubwa Alexis Sibomana, umuntu akunda kugira sport arangwa n’ ingeso nziza, akagira urweze kandi akavugisha ukuri ni co wewe yita (moral). Uwo bishitse akagira umutima mubi ngo aba afise agakwarukwaru ku mutima akagereranya n’ ingwara.

Indya nziza ngo nirwo rupfu

Indya nziza zituma umuntu agwiza ibinure, akavyibuha agaheza akarwiza ibiro. Kubwa Koca ngo iyo umuntu atagize imyimenyerezo, biratuma agwara za diabète, umutima mbere ngo ugasanga bisaba kuja kwivuriza no mu mahanga. Kubwiwe rero, ngo gufungura neza vyokorwa hagakorwa na sport niho abantu bazogira amagara meza

Intahe y’ uwo yafashije

Yozefu aba mu Bwiza i Bujumbura, afise imyaka 40 . Agira ati:  » Haheze umwaka n’ igice menye ko ngwaye igisukari nari mfise n’ ibiro vy’ umurengera. Abaganga bampanuye kugira sport kenshi, sinabishobora. Niho naronka Koca, yaramfashije, ndibuka ko vyangoye cane mugabo uko yagiye aramenyereza nahavuye ndayishobora. Ubu mfise ibiro bigereranye kandi ndava mu Bwiza ngashika i kiriri, ndetse nkafasha n’ abandi kugira imyimenyerezo.

Abahinga bavuga iki ku kamaro ko kwinonora imitsi ?

Kubwa muganga Jean de Dieu Duhayimana, imyimenyerezo ngororamubiri ni nkenerwa mu buzima, ituma umuntu amererwa neza:

Imukingira ubuvyibuhe bw’ umurengera, irafasha kurwanya ivumbuka ry’ umurindi w’ amaraso. Iyo ikozwe neza ubudasiba ngo irafasha mu gukomeza inyama, ikarwanya indwara y’ amakonyero (rhumatisme). Kubw’ uyo yanonosoye ivy’ amagara y’ abantu, kugira imyimenyerezo ngororamubiri ngo bituma umubiri unonoka kandi amagufa agakomera. Mu bijanye no mumutwe ngo biratuma umuntu yiyumvira neza. Ngo ni nk’ ingaburo y’ ubwonko.

Siporo nziza ikorwa kangahe ?

Kugira umubiri umere neza, muganga Duhayimana ahanura abantu kuyikora ubudasiba kandi bakihereza ingaburo yikwije gutyo ngo biranafasha ko umuntu asaza neza umubiri umeze neza

(Visited 165 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *