Uruhombo ngo ni runini ku bakoresha ibarabara Bujumbura-Gitega ryacitse

Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa 18 munyonyo,  Ibarabara Bujumbura –Gitega (RN2) ntirirengana. Ivyo vyatumwe n’uko ryacikiye ku ruzi  Nyabuhurura, umusozi  Mpehe, zone Bugarama ya komine Muramvya bitumwe n’imvura nyinshi yaguye igaca ibomora ikiraro. Ku barikoresha   n’abahegereye, uruhombo ngo ni runini.

« Turahomvye cane kubona iri barabara ryacitse. Niryo ryari ridutunze. Jewe nsanzwe ndi umushoferi, napakira abantu n’imizigo mva Bujumbura- Muramvya. Batatugarukiye ngo barikore, ntakabuza imiryango yacu iricwa n’inzara ». Bivugwa na Samuel Niyukuri, umushoferi yahora akoresha ibarabara rya RN2. Ni inyuma yaho ricikiye  mu  mwonga wa Gifukure, ku ruzi Nyabuhurura, umusozi Mpehe, zone Bugarama ya komine Muramvya. Niyukuri avuga kandi ko bene imodokari baguma babasaba versement kandi batariko barakora. 

Ni igiki catumye   ibarabara RN2  ricika?

« Hari haheze amezi ashika abiri iki kiraro carazivye. Ejo rero imvura yaguye guhera isaha zibiri z’ijoro gushika nka sacenda. Iyo niyo yunyuye ibintu rica riracika. Turashima ko atawe ryahitanye kiretse imirima yononekaye. » Ivyo ni ibivugwa n’abanyagihugu bo ku musozi Mpehe, twasanze Aho ibarabara RN2 ryacikiye.

Abanyagihugu bo muri ako gace bagasaba ko ryokorwa mu maguru masha kugira ubuzima bubandanye.

(Visited 22 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *