Waruzi igituma abarundi bakengera ururimi rw’amavukiro?

Mbega ururimi kavukire turakwiye kuruheba kubera twize amashure canke twateye imbere ? Vyaragaragaye ko ururimi rw’ikirundi   rutacitawe ho bikwiye ngaha iwacu. Abarundi batari bake tukaryoherwa no kwivugira indimi mvamahanga. Rénovat Ndikumwenayo ati dukwiye kuruteza imbere.

Abatari  bake muri  kino Gihugu, na canecane abaciye kuntebe y’ishure ,usanga bakunda gukengera ururimi rw’amavukiro ,bagashima kuvuga indimi zo mu mahanga nkuko womenga ururimwi rw’ikirundi ntagaciro rufise. Ivyo birakunda kwibonekeza mu manama abarongoye abandi bakunda kugirisha. Aha twovuga nk’inama y’uwurongoye ishure n’abigisha canke abanyeshure,aho usanga iyo nama iba yateguwe mu Kirundi ariko ugasanga nta munota ushobora guhera uwurongoye iyo nama atavuze ijambo ry’igifaransa. Si naho gusa kuko no mukibano vyaramaze kuba umugenzo. Iyo Muhuye n’umuntu mu nzira wamubaza uti : « igihe kigeze he? » ,nyakuntunga ukaza wumva ngo : « il est dix heures » . Aho rero ga   ,ntaba  azi ko uwo yishuye  azi n’ico gifaransa canke atakizi. Hari uwokwibaza ati hakundwa  izakure kuko twazize mw’ishure. Ihibambewe! Uwurenze kanyaru akamarayo iminsi ibiri agaruka yabaye umunyarwanda, ivyo rero bikaboneka nk’akageso kabi kamaze kutunyengetera. Ariko kuki abanyarwanda baba mu Burundi batigera bahemuka ku rurimi rwabo? Barakwiye kutubera akarorero.

Inyanduruko ya vyose.

Nivyo ko uwaciye kwishure wese aba azi  izo ndimi mvamahanga kuko aba yarazize mw’ishure. Ariko ntibisigura ko ururimi kavukire aca arwibagira. Igituma abatari bake baca bakengera  ururimi kavukire  nibaza ko , abenshi babikora  mu ntumbero yo kwiyemera kugira abo bariko baraganira babone ko bize, kuko  nakare ni indimi z’abakire. Uwuhimvye urukanywa naho yoba atize , uwomunsi  ntawumukira  apfa kuba yaracumvise ahantu gusa. Hari rero abandi nabo ugasanga ikirundi bagifata nk’ururimi rugayitse. Ni bamwe naho bavyara abana usanga babigisha zandimi zohanze gusa , bakabigisha no mumashure avuga izo zindi ndimi  bakibagira ko ari abarundi. Hari n’ababitumwa n’akamenyere kubera usanga aho bakorera, mu mirimo ya misi yose baba bakunda gukoresha ururimi njabukamazi.

Kubera iki tudakwiye  dukwiye gukengera Ururimi kavukire ?

Igenekerezo rya 7 nzero 2019 niho abahinga babarundi biga ukuntu ururimi rw’Ikirundi rwoja mu ndimi mpuzamakungu kugira ruzohore rukoreshwa no muri bwa buhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.Bongeye bararabirahamwe ukuntu boteza imbere ico kirundi bakoresheje inyandiko bakaba bashimikiye kutwatuzo.Iyo ngingo kubwanje yaje hageze kuko ikirundi ari ururimi ruvugwa n’abantu bashika imiliyoni 12 mu Burundi.Vyongeye, rurigwa mu mashure, kuva muya mbere gushika muza kaminuza. Ahubwo nosaba ko rwokoreshwa no mukwigisha nkuko ibindi bihugu biteyebimbere vyigisha mundimi zavyo. Ntitwibagire ko rukoreshwa no mubinyamakuru bitari bike vyo muri kino gihugu. Ivyo birerekana neza ko aho gufata minenerwe ururimi kavukire, twari dukwiye nyabuna kuruteza imbere, mu kurwiga no mu kuruvuga, kuko rushobora kudushikana kure mw’iteramberenarirya arirwa ruduhuza abarundi twese nakare ngo « Uta akaranga ukaba utaye ibanga ».

(Visited 55 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *